Uko wahagera

Amerika Ihanura Reta ya Etiyopiya na TPLF Kwubahiriza Amasezerano


Reta ya Amerika kuri uyu wa gatatu yahanuye reta ya Etiyopiya n’abarobeli bo mu ntara ya Tigre kuganira kugira intambara zongeye kwaduka zihagarare. Amerika yavuze ko amasezerano yo guhagarika intambara yari amaze amezi atanu yari akingiye ubuzima bw’abantu.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire muri Amerika, Vedant Patel, yavuze ko reta ya Etiyopiya n’umuhari TPLF bakwiye gusubira mu masezerano bumvikanye ata kibanje gusabwa.

Yavuze ko Amerika yiteguye gukorana n’abanyetiyopiya mu bijanye na diporomasiya, no kugarukira ku banyagihugu bakeneye imfashanyo, mu ntumbero yo kurangiza burundu intambara.

Reta hamwe na TPLF, bagirizanya ko uruhande rumwe arirwo rwasomborokeje intambara, mu gihe utwigoro two gutangura ibiganiro vyagutse tugicumbagira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG