Uko wahagera

Etiyopiya Yagiriza Umunyamabanga wa ONU "Guca Kubiri n'Amabanga Ajejwe"


Tedros Adhanom Ghebreyesus
Tedros Adhanom Ghebreyesus

Reta ya Etiyopiya yanebaguye ivyatangajwe n'umuyobozi mukuru w'ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS ku kugene ibintu vyifashe mu ntara ya Tigreya: Reta ya Ethiopia yavuze kw’ivyo yatangaje biciye kubiri n'amabanga ajejwe.

Tedros Adhanom Ghebreyesus yatangaje ko amabi abera mu ntara ya Tigreya n’ububabare bw’abanyagihugu bo muri iyo ntara ari akataraboneka kw’isi, kandi ko kubona amakungu adakwirikiranira hafi ibihabera bishobora kuba bifatiye kw’ibara ry’urukoba rw’abanyatigreya.

Umuvugizi w’umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Billene Seyoun, yabwiye abamenyeshamakuru uno musi ku wa kane ko ivyatangajwe n’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe OMS, Tedros Adhanom Ghebeyesus bigayitse ku muntu ajejwe amabanga akomeye nk’ayiwe. Yatangaje ko akwiriye guheba amabanga ajejwe niba ashaka kuvuga mu buryo nk’ubwo.

Bivuze inyuma y’uko Tedros Adhanom Ghebreyesus atangaje ko imiliyoni 6 z’abanyagihugu muri Tigreya bageramiwe bikomeye mu kiringo c’amezi 21 arangiye kubera intambara yadutse muri iyo ntara mu mpera z’umwaka w’i 2020 hagati ya Reta ya Etiyopiya n’inteko zo mu ntara ya Tigreya.

Ghebreyesus yatangaje ko ata mukuru w’igihugu n'umwe w’igihugu na kimwe giteye imbere kw’isi yumvise avuga ku kugene ibintu vyifashe mu ntara ya Tigreya mu mezi arangiye. Aribaza impamvu. Amenyesha ko kumbure impamvu ari ibara ry’urukoba rw’abanyagihugu bo muri Tigreya.

Mu ntango z’uyu mwaka yaribajije niba kuba amakungu ashimikiye bikomeye cane ku bitero vy’Uburusiya muri Ukraine bifatiye kw’ibara ry’urukoba, naho yemeye ko intambara muri ico gihugu ifise inkurikizi mu makungu.

Imfashanyo igenewe abanyagihugu nkeyi niyo imaze kurekurirwa kwinira mu ntara ya Tigreya inyuma y’uko inteko zo muri iyo ntara zisubiye kuyifata mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka w’i 2021.

Abakozi b’amashirahamwe y’abagiraneza n’abakozi bo mu gisata c’ubuvuzi bavuga ko abanyagihugu mu ntara ya Tigreya bariko bicwa n’ikigoyi kandi n’imiti iriko irarangira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG