Uko wahagera

Kenya: Sentare Yategetse ko Hasubirwamwo Guharura Amajwi Yo mu Bibanza 15


Abakozi ba komisiyo y'amatora baharura amajwi ku biri vyo kw'ishure ry'intango rya Kilimera, i Nairobi, muri Kenya,kw'itariki ya 9/08/2022.
Abakozi ba komisiyo y'amatora baharura amajwi ku biri vyo kw'ishure ry'intango rya Kilimera, i Nairobi, muri Kenya,kw'itariki ya 9/08/2022.

Sentare ntahinyuzwa muri Kenya yategetse ko hasubirwamwo guharura amajwi yavuye mu bibanza 15 vy’amatora y’umukuru w’igihugu yabaye kw’itariki ya 9 y’uku kwezi. Iyi ngingo iri mu zindi zasohowe kuri uyu wa kabiri, mu gihe sentare yatangura kwumviriza abahakana intsinzi ya William Ruto.

Abacamanza bavuze ko gusubiramwo guharura bwibwirizwa kurangira mu masaha atarenga 48.

Sentare kandi yabwiye umurwi wigenga utunganya amatora gutanga intonde z’abiyandikishije gutora hamwe n’ibikoresho bijanye no gutora kugira bisuzumwe.

Sentare ntahinyuzwa kandi izosuzuma nimba hari itandukaniro hagati y’amajwi y’abakandida mu kibanza ca perezida hamwe n’ayahawe abandi bakandida, nka baburamatari n’abasenateri.

Bazosuzuma kandi nimba Ruto yatangajwe ko yatsinze yararonse vy’ukuri amajwi arenga 50 kw’ijana, akenewe kugira ntihabe igice ca kabiri, canke nimba harabaye utunenge canke hatubahirijwe amategeko mu gihe co guharura ku buryo vyohindura ibiharuro.
Ibikorwa vya sentare vyitezwe ko bibandanya gushika ku musi wa gatanu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG