Uko wahagera

Abashingamateka ba USA Bagiye muri Kenya Kuvugana na Ruto na Odinga


William Ruto na bamwe mu bashingamateka b'Amerika bagiye muri Kenya
William Ruto na bamwe mu bashingamateka b'Amerika bagiye muri Kenya

Umurwi w'abashingamateka ba Amerika bashitse muri Kenya kubonana na prezida mushasha yavuye mu matora, William Ruto n'uwo bahiganywe mu matora y'umukuru w'igihugu, Raila Odinga.

Ubutumwa bwa Twitter bwa Ruto bwatangaje ko abo bashingamateka babonanye nawe uno musi ku wa kane. Ambasaderi mushasha wa Reta zunze ubumwe za Amerika muri Kenya, Meg Whitman, yatangaje ko abo bashingamateka bayobowe n’umukenguzamateka, Chris Coons.

Bitegekanijwe ko babonana kandi na Uhuru Kenyatta arangije ikiringo ciwe, ata kintu aravuga kuva amatora y’umukuru w’igihugu abaye muri Kenya kw’italiki 9 y’uku kwezi kw’umunani. Coons, ari mu murwi w’inama nkenguzamateka ya Amerika ujejwe imigenderanire, n’abashingamateka arongoye baza baragendeye amazinga ya Cap Vert na Mozambique.

Bikaba vyitezwe kandi ko bagendera u Rwanda, aho imishamirano na Republika iharanira demokarasi ya Kongo, n’ibibazo vyerekeye agateka ka muntu biri mu bizokwihwezwa. Urugendo rwabo mu Rwanda ruzoba rukwirikiye urugendo umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Anthony Blinken, yagize muri ico gihugu mu ndwi irangiye.

Muri ico gihe, Raila Odinga yatangaje ko ariko yiyumvira uburyo bwose bwisunze amategeko n’ibwirizwa shingiro kugira ashingishe urubanza rw’uguhakana ivyavuye mu matora.

Odinga, afise imyaka 77 muri iki gihe, amaze imyaka igera kuri 25 arondera kuba prezida wa Kenya. Azwi nk’umurwanyi, akaba yarapfunzwe mu kiringo c’imyaka itari mike mu myaka y’i 1980 kubera yariko aharanira demokrasi ifatiye ku migambwe myinshi. Yarashigikiye kandi ibwirizwa shingiro rya Kenya ryatunganijwe mu mwaka w’i 2010.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG