Uko wahagera

Kenya: William Ruto Avuga ko Agiye Gushinga Reta


William Ruto
William Ruto

Prezida aherutse gutorwa mu gihugu ca Kenya, William Ruto yatangaje uyu musi ko ata mwanya uhari w'uguta ku bijanye n'ugutorera inyishu ibibazo biri mu gihugu.

Ni mu gihe uwo bahiganywe mu matora, Raila Odinga yavuze ko azoshinga urubanza muri sentare rwo guhakana ivyavuye mu matora. Yamara Ruto yamenyesheje ko azobandanya imigambi yiwe y’ugushiraho reta. Yemeye ko ata munyakenya azokumirwa, bifatiye ku vyiyumviro vyiwe vya politike n’ubwoko.

Ruto yavuze ko Abanyakenya biteze vyinshi kuri reta yiwe. Yatangaje ko kubera izo mvo, ata mwanya bafise wo guta. Yabitangaje inyuma y’uko abonanye mu biro vyiwe n’abategetsi bo mu runani rwiwe batowe mu matora.

Ruto, afise imyaka 45 muri iki gihe, yatangaje ko niyo Odinga yaja kwitwarira ivyavuye mu matora, bazovyubahiriza kubera bubahiriza amategeko. Odinga afise gushika ku musi wa mbere kugira abe yituye sentare kizigenza y’igihugu.

Ruto azotegerezwa kwihutira gutorera inyishu ibibazo vy’ubutunzi vyatumye Abanyakenya bahangana n’ibiciro vy’ibintu nkenerwa biduga cane hamwe n’urugero rw’ubushomeri rwiyongera bikomeye cane. Gutorera inyishu ivyo bibazo ntibizomworohera kubera amadeni uwo asubiriye, Uhuru Kenyatta yafashe mu gihe c’imyaka 10 yamaze ku butegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG