Uko wahagera

Amerika Isaba Abanyakenya Kuguma Batekanye


Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire n'ayandi makungu muri Amerika, Ned Price
Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire n'ayandi makungu muri Amerika, Ned Price

Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa kabiri yahanuye abanyakenya ibasaba kuguma batekanye no kwirinda gusunikirwa mu migumuko. Ni inyuma y’aho William Ruto atangarijwe ko ari we yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu, mu nyuma uwo bari bahanganye Raila Odinga avuga nawe ko ivyatangajwe ari impfagusa.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’amakungu bwa Amerika, Ned Price, yasavye impande zose gukorera hamwe kugira batorere inyishu iki kibazo c’ivyavuye mu matora mu nzira zitegekanijwe n’amategeko. Amerika isaba kandi abakuru bose b’imigambwe kubandanya bahanura abanywanyi babo kuguma batekanye no kwirinda ico cose cotera uruhagarara mu gihugu muri ibi bihe vy’amatora.

Odinga yarushijwe na Ruto amajwi angana 230,000, ibice biri munsi y’amajwi 2 kw’ijana.

Odinga w’imyaka 77 y’amavuko akaba n’inzobere muri poritike muri Kenya, yavuze ko yibwe amajwi ariko ko azokwitwara mu sentare ntahinyuzwa. Yavuze kandi ko yibwe no mu matora y’imbere y’aya.

AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG