Muri Kenya abashikirizwamanza b’umukandida Raila Odinga batangaza ko bashikirije ibirego muri sentare vyerekana impamvu atemera ivyavuye mu matora.
Raila Odinga w’imyaka 77 yiteze inyishu ya sentare mu misi 14. Ni mu gihe kuri uno wa mbere umushikirizwamanza Dan Maanzo yabwiye abamenyeshamakuru ko ibiro vyiwe vyarungitse ibirego babicishike ku rubuga ngurukanabumenyi.
Umwe mubashigikiye umukandida Raila Odinga avuga ati: “Ico twiteze ku birego vyatanzwe muri sentare, Raila Odinga ni we azotangazwa nk’umukuru wa Republika ya Kenya”. Ati: “Impamvu n’uko uburyo amatora yagenze ategerezwa gufutwa kandi ntayo tuzokwemera. Dushaka gutunganirizwa kandi dushaka ko uburenganzira bwacu bwubahirizwa kuko ntibashobora kuguma bateshagiza Mutama. Niwe muvyeyi wa kino gihugu, niwe azotera intege urwaruka.”
Ibiro bijejwe amatora muri Kenya bigizwe n’abakomiseri batumvikana na gato, igice cavyo kimwe kikaba catangaje ko ari William Ruto yatsinze amatora yabaye kw’itariki 9 z’uku kwezi kw’icenda. Amajwi yaharuwe akaba yari yegeranye cane.
Amatora muri Kenya yari yabaye mu mutekano uretse uruhagarara rwabaye hasigaye iminota mike ngo hatangazwe ivyayavuyemwo. Ni mu gihe igice kinini kigize abakomiseri b’ivyo biro vy’amatora IEBC batashigikira ivyari bigiri bitangazwe.
Mu gihe sentare yokwemeza ibiheruka gutangazwa, Ruto azoba abaye umukuru w’igihugu agira 5 kuva igihugu cikukira ku bongereza mu mwaka w'i 1963. Sentare itesheje agaciro ivyatangajwe, amatora mashasha azotegerezwa guca akorwa mu misi 60.
Facebook Forum