Uko wahagera

Ingabo za Ukraine Zimaze Kugwa ku Rugamba Zigera ku 9000


Umutegetsi mukuru w'igisirikare ca Ukraine yatangaje uno musi ku wa mbere ko abasirikare bagera ku 9,000 b'ico gihugu bamaze gupfa mu ngwano n'Uburusiya. Ibitigiri uwo mutegetsi mukuru w’igisirikare ca Ukraine, Jenerali Valeriy Zaluzhnyi yatanze bisa n’ivya mbere abategetsi bakomeye b’igisirikare c’ico gihugu batanze kuva Uburusiya butanguye ibitero muri Ukraine kw’italiki 24 mu kwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka.

Zaluzhynyi yabwiye abari mu birori vy’ugutera iteka abasekombata n’imiryango y’abasirikare bishwe ko abana bakeneye gukingirwa mu bice bitari bike vy’igihugu harimwo umurwa mukuru, Kiev.

Atangaza ko ata na kimwe abana bumva ku biriko biraba, ko kubera izo mvo bakwiriye gukingirwa. Amenyesha ko abavyeyi babo bagiye ku rugamba kandi ko bashobora kuba bari mu bashika 9,000 bishwe. Nta birenga aho Zaluzhnyi yashikirije.

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky yatangaje ko abantu bagera ku muliyoni bariko bakingira igihugu. Umutegetsi mukuru w’igisirikare ca Ukraine, Valeriy Zaluzhnyi ntiyavuze igitigiri c’abasivile bishwe canke abasirikare b’Uburusiya bishwe mu ngwano iriko iraba. Uburusiya ntiburatangaza igitigiri c’abasirikare babwo bishwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG