Uko wahagera

Zelenskyy Asaba ONU Gukingira Ihinguriro rya Nikereyeri ry'i Zaporizhzhia


Ifoto ya Perezida wa Turukiya, Tayyip Erdogan (ibubamfu), perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskyy (hagati) n'umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres (iburyo) mu mubonano i Lviv, muri Ukraine
Ifoto ya Perezida wa Turukiya, Tayyip Erdogan (ibubamfu), perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskyy (hagati) n'umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres (iburyo) mu mubonano i Lviv, muri Ukraine

Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelenskyy yasavye kuri uyu wa kane ishirahamwe mpuzamakungu ONU guhagararira umutekano kw’ihinguriro rya Nikereyeri riri mu gisagara ca Zaporizhzhia. Ni ihinguriro rya mbere rinini rya Nikereyeri ku mugabane wa Buraya, kandi muri iki gihe rigenzurwa n’abasirikare b’Uburusiya nayo ibirikorerwamwo bibandanya bigenzurwa n’abahinga b’abanya Ukraine.

Perezida Zelenskyy yavuze ko ibitero vy’iterabwoba vy’Uburusiya kuri ico kibanza bishobora kuzogira ingaruka zikomeye kw’isi hose.

Mu mubonano n’umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, hamwe na perezida wa Turukiya, Recep Tayyip Erdogan, Perezida Zelenskyy yasavye ONU gucungera ico kibanza, no gufata ingingo yo guhagarika ibikorwa vyose vya gisirikare bibera mu micungararo yaryo ndetse no gusaba Abasirikare b’Uburusiya kuhava.

Ku ruhande rwiwe, Guterres yasavye ko ata bikorwa vya gisirikare bikwiye kuhakorerwa.

Zelenskyy, Guterres na Erdogan baganiriye kandi ku twigoro two guhagarika intambara no kuguma bagenzura ko amato y’ingano za Ukraine abandanya ibikorwa vyo kuzikwirakwiza mu makungu nkuko amasezerano bapfundikiye hamwe abivuga.

AP, AFP na Reuters.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG