Uko wahagera

Umukobwa w'Incuti Magara ya Putin Yishwe


Abajejwe amaperereza bari mu kibanza umuduga w'umukobwa w'incuti ya Putin waturikiyemwo

Umukobwa w’incuti magara ya Prezida w’Uburusiya yaraye ahitanywe n’igikekwa kuba igisasu catezwe mu muduga iwe wo mu bwoko bwa Toyota.

Darya Dugin yari umumenyeshamakuru atigeze yihisha mu kwerekana ko ashigikiye intambara Uburusiya bwatanguje muri Ukraine. Yari ku rutonde rw’abafatiwe ibihano n’Amerika n’Ubwongereza, bagirizwa gukwiragiza ibihuha ku ntambara y’Uburusiya na Ukraine. Darya w’imyaka 30, yavuga ko kuba we na se wiwe barafatiwe ibihano n’Amerika n’Ubwongereza ryari iteka.

Se wa Darya yitwa, Alexander Dugin. Ni umunyepolitike akunze no kuyisesangura. Yegereye cane Prezida Vladimir Putin, ku buryo banamutaziriye ko ari we “Bwonko bwa Putin”. Ibitangazamakuru vyo mu Burusiya bitangaza ko igitero cahitanye Darya Dugin gishobora kuba cari catezwe se wiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG