Uko wahagera

Sri Lanka: Abiyerekana Bateye Ibiro vy'Umushikiranganji wa Mbere


Abinjiye mu biro vy'umushikiranganji wa mbere wa Sri Lanka
Abinjiye mu biro vy'umushikiranganji wa mbere wa Sri Lanka
Umushiiranganji wa mbere wa Sri Lanka, Ranil Wichremesinghe yabwiye igisirikare n'igipolisi gukora ku buryo umutekano ugaruka mu gihugu. Abantu ibihumbi n’ibihumbi bari mu myiyerekano y’ukwiyamiriza reta binjiye mu biro vyiwe uno musi ku wa gatatu. Ni amasaha makeyi inyuma y’uko agenywe kuba prezida w’agateganyo.

Igisirikare n’igipolisi vyananiwe kugumiza kure abari mu myiyerekano naho barashe imyuka ibabaza mu maso n’imiringoti y’amazi muri ico gikorwa. Ranil Wickremesinghe, mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo, yatangaje ko yategetse inteko zijejwe umutekano kwubahiriza amategeko. Yamara zananiwe muri ico gikorwa mu gusiga imiryango y’ibiro vyiwe yuguruye, mu vyatumye abari mu myiyerekano bashobora kwuvyinjiramwo.

Amenyesha ko abinjiye mu biro vyiwe bashaka kumubuza kurangura amabanga yiwe y’icegera c’umukuru w’igihugu w’agateganyo. Inyubakwa yiwe abamwo yaraturiwe ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye inyuma y’uko abari mu myiyerekano bafashe ibiro vy’umukuru w’igihugu n’inyubakwa y'imuhira iwe uwo musi nyene.

Umushikiranganji wa mbere avuga ko badashobora kurekurira ko ibwirizwa shingiro ritabagurwa, inkozi z’ikibi akaba ari zo ziramutswa igihugu. Amenyesha ko bategerezwa guhagarika iyo nyifato igeramiye demokrasi mu gihugu. Yasavye ko inyubakwa za reta zigaruriwe n’abari mu myiyerekano zisubizwa reta.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG