Uko wahagera

ONU Yiyamiriza Imvururu Zibandanya Kwiha Inkumbi muri Sri Lanka


 Michelle Bachelet, Umutegetsi mukuru w'ishirahamwe ONU
Michelle Bachelet, Umutegetsi mukuru w'ishirahamwe ONU

Umutegetsi mukuru w'ishirahamwe ONU ajejwe agateka ka muntu, Michelle Bachelet, yiramirije uruhagarara rubandanya kwiha inkumbi muri Sri Lanka. Michelle Bachelet yasavye ko hoba ukwifata hamwe n’ibiganiro bigenewe gutorera inyishu ivyo abanyagihugu bidogera.

Abashigikiye umushikiranganji wa mbere, weguye ejo ku musi wa mbere, bakoze ibitero ku bari mu myiyerekano yariko iba mu mahoro ku murwa mukuru, Colombo, hamwe n’ibitero vyakwirikiye vyakozwe ku banywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi.Hafi abantu bagera kuri 200 barakomeretse.

Bachelet yiyamirije uruhagarara n’ubwicanyi ubwo ari bwo bwose, kandi asaba abategetsi kugira itohoza ribereye mu muco, ku bitero vyose vyabaye, kugira ababigizemwo uruhara bose babibazwe.

Michelle Bachelet, yahoze ari prezida w’igihugu ca Chili, yasavye abategetsi ba Sri Lanka gukingira uburenganzira bw’abanyagihugu bw’ukugira amakoraniro mu mahoro.

Amenyesha ko ibibazo bikomeye vy’ubutunzi vyageramiye ubuzima bwa misi yose bw’abanyagihugu, akaba yasavye ko haba ibiganiro mu gihugu vy’ugutorera inyishu ivyo abanyagihugu basaba.

Yatangaje ko abanyagihugu bava mu bwoko n’amadini bitandukanye bagiye hamwe mu gusaba ko reta ikorera mau muco kurushiriza hamwe n’uko bogira uruhara kurushiriza muri demokrasi mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG