Uko wahagera

Perezida wa Sri Lanka Yahunze Igihugu


Abasirikare ba Sri Lanka bakizura hafi y'ikirimba ca perezida Gotabaya Rajapaksa
Abasirikare ba Sri Lanka bakizura hafi y'ikirimba ca perezida Gotabaya Rajapaksa

Perezida wa Sri Lanka, Gotabaya Rajapaksa yavuye mu gihugu mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu, yerekeza mu gihugu kibanyi Maldives.

Abategetsi bo mu gisata kigenzura abasohoka n’abinjira mu gihugu bavuze ko uwo mugabo w’imyaka 73 yahunze n’indege n’umukenyezi wiwe.

Benshi mu bamwegereye ntibajanye nawe nkuko abo bategetsi babivuze.

Rajapaksa yari yaremeye gutangaza itanga imihoho ryiwe kuri uyu wa gatatu, avuga ko yipfuza ko haba ibisikanya ku butegetsi ata maraso arinze guseseka.

Ku musi wa gatandatu niho yahunga ikirimba ciwe inyuma yo gusagirizwa n’amasinzi y’abanyagihugu batwawe n’ishavu. Bamusaba gutanga imihoho kuko igihugu kiri mu bihe vy’ubutunzi bitoroshe kandi bitigeze bigishikira.

Yashimye gukinjura akaja mu mahanga agifise ubudahangarwa butuma adakurikiranwa n’ubutungane, imbere yo gushikiriza ubutegetsi kugira ntafungwe.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG