Uko wahagera

Sri Lanka: Perezida Yoba ari mu Nzira yo Guhunga Igihugu


Perezida wa Sri Lankan Gotabaya Rajapaksa

Abategetsi muri Sri Lanka bavuze ko perezida Gotabaya Rajapaksa yatwawe n’indege mw’ikambi iri hafi y’ikibuga c’indege kuri uyu wa mbere. Amakuru ariko arakwiragizwa avuga ko yoba ari inzira yo guhunga igihugu.

Perezida Gotabaya Rajapaksa yahunze ikirimba ciwe acungerewe bikomeye ku musi wa gatandatu. Hari inyuma gato y’uko ibihumbi vy’abanyagihugu batereye ikirimba ciwe.

Inyuma y’amasaha make, umukuru w’inama nshingamateka yaciye atangaza ko Perezida Rajapaksa ashobora gutanga imihoho ku musi wa gatatu kugira habe kubisikanya ku butegetsi mu mahoro.

Ibiro vy’umushikiranganji wa mbere, Ranil Wickremesinghe, vyavuze ko Perezida Rajapaksa yamumenyesheje ko afise umugambi wo gutanga imihoho, ariko nta tariki yatanze.

Abashikiranganji batanu baratanze imihoho muri reta mu mpera z’indwi. Nayo ibiro vy’umushikiranganji wa mbere vyavuze ko reta yose yemeye kuzotanga imihoho isubirizwe na reta irimwo imigambwe yose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG