Uko wahagera

Prezida wa Sri Lanka Yemeye Kuzotanga Imihoho ku wa Gatatu


Bamwe mu biyerekana bateye inzu ya Prezida wa Sri Lanka
Bamwe mu biyerekana bateye inzu ya Prezida wa Sri Lanka

Muri Sri Lanka, abanyagihugu biyerekana basaba ko prezida w’ico gihugu n’umushikiranganji wa mbere wiwe batanga imihoho, barahiye bararengwa ko batarota bava ku kirimba ca prezida, no ku muhana w’umushikiranganji wa mbere abo badatanze imihiho.

Abiyerekana baharurwa mu bihumbi bashwaye ku mihana y’abo bategetsi babiri iri ku murwa mukuru Colombo ejo ku wa gatandatu. Mu vyo bagiriza Prezida Gotabaya Rajapaksa n’ubutegetsi bwiwe, harimwo ukunanirwa gukemura ibibazo bijanye n’ubutunzi.

Prezida Gotabaya n’umushikiranganji wa mbere, Ranil Wickremesinghe, babwiye umuvugizi w’inama nshingamateka y’ico gihugu ko bemeye gutanga imihoho, ariko ko bazokinjura ku wa gatatu igenekerezo rya 13 mu ntumbero yo gusubiza ubutegetsi mu mahoro. Abiyerakana, bo ivyo ntibavyikoza: Bashaka ko abo biyamiriza babaviraho bidatevye mu maguru masha.

Abajejwe gucungera umutekano wa Prezida Gotabaya wa Sri Lanka bamuhungishije bamuvana mu ngoro iwe,ariko birinze kuvuga aho ari. Amasanamu yacishijwe ku mbuga ngurukanabumenyi zizewe, yerekana ibihumbi vy’abiyerekana binjira mu bice bitandukanye vy’ingoro ya prezida, birimwo ivyumba, abandi bariko bogera muri piscine y’inzu yiwe, baririmba bati: “Wari uzi ko woduhagarika, turabe turi iwawe.”

Abajejwe umutekano barungitse inteko zigera ku bihumbi 20 gucungera umutekano w’ingoro ya prezida wa Sri Lanka. Yamara, amakuru yo kwizera yemeza ko abo basirikare ari bake ugereranije n’uko abiyerekana bangana. Hagati aho, abiyerekana baturiye inzu y’umushikiranganji wa mbere. Ibindi vyononekariye muri uko kwiyerekana kwinjiye mu mateka ya Sri Lanka, ntibiramenyekana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG