Uko wahagera

Ibitero vy'Uburusiya Vyahitanye Abashika 15 mu Buseruko bwa Ukraine


Abatabara bariko bakura umuntu mu bibomoke, inyuma y'igitero cakozwe n'Uburusiya mu gisagara ca Chasiv Yar, mu ntara ya Donetsk, mu buseruko bwa Ukraine, kw'itariki ya 10/07/2022.
Abatabara bariko bakura umuntu mu bibomoke, inyuma y'igitero cakozwe n'Uburusiya mu gisagara ca Chasiv Yar, mu ntara ya Donetsk, mu buseruko bwa Ukraine, kw'itariki ya 10/07/2022.

Abantu bashika kuri 15 barishwe mu gitero ca roketi caguye ku nzu y’igorofa ibamwo abantu benshi mu gisagara Chasiv Yar co muri Ukraine. Abategetsi ba Ukraine bavuze kuri uyu w’Imana ko kumbure abandi bantu baharurwa mu macumi boba bakiri mu bibomoke vy’iyo nyubakwa.

Iki gitero co mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu cabaye ikindi cahitanye abasivile batari bake. Abarusiya bakunze kuvuga ko ibitero vyabo biba bitumbereye abasirikare ba Ukraine.

Gikurikiye icahitanye abantu 19 ku kibanza kirimwo amamangazini menshi i Kremenchuk mu mpera z’ukwezi kwa gatandatu, hamwe n’icahitanye 21 mu ntara ya Odesa iri mu bumanuko bw’igihugu muri uku kwezi.

Ukraine yatangaje kandi ko Uburusiya bwateye misile hamwe na roketi mu buseruko no mu bumanuko bw’igihugu ku musi wa gatandatu.

Abategetsi ba Ukraine bavuze ko hari kandi ibitero vyagabwe mu ntara za Luhansk na Donetsk. Ubushikiranganji bw’Ubwongereza bwo kwivuna abansi bwavuze ko Uburusiya bwahamagaje abasirikare babwo bakukurutse bubarungika hafi ya Ukraine.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG