Uko wahagera

Uburusiya Burabandanya Kugaba Ibitero mu Ntara ya Donetsk


Hamwe mu bagabwe ibitero mu ntara ya Donetsk
Hamwe mu bagabwe ibitero mu ntara ya Donetsk

Ibitero Uburusiya bwakoze kuva ejo mu ntara ya Donetsk iri mu zigwiriyemwo amahinguriro muri Ukraine bimaze guhitana abasivile 5, bikomeretsa abarenga 21.
Buramatari w’intara ya Donetsk iri mu buseruko bwa Ukraine, yatangaje ivyo bitigiri avuga ko abakomeretse n’abahitanywe n’ivyo bitero muri ano masaha 24 aheze, ari abo mu bisagara bitatu.

Pavlo Kyrylenko aramutswa iyo ntara iri mu ziteye imbere mu vy’amahinguriro, mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Telegram, yasiguye ko bitebe bitebuke, ivyaha “vy’Uburusiya muri Ukraine” bizohanwa.

Umukuru w’igisagara ca Sloviansk kiri mu vyo Uburusiya bwakajijemwo ibitero, nawe yavuze ko ibitero vyo kuva ejo bishirwa mu murwi w'ubwicanyi rusangi. Uwo mutegetsi, mu butumwa bwa mbere yageneye abanyagihugu baba mu gisagara atwara, yari yabasavye guhunga, mu nyuma abuhindura ababwira ahubwo ko boraba aho binyegeza.

Mu ndwi iheze, ingabo z’Uburusiya zarigaruriye intara ya Luhansk ihana imbibe n’iya Donetsk. Umushikiranganji wo kwivuna abansi mu Burusiya, aha agahiga ko intambara muri Ukraine izobandanya gushika ico yise “Imigambi ya Poutine” yose iranguwe. Umushikiranganji Sergei Shoigu, yashimangiye ariko ko Uburusiya bwipfuza gushika ku ntego yabwo, umutekano w’abanyagihugu ba Ukraine ukingiwe, kandi ata ngabo zabwo ziguye ku rugamba.

Kuva Uburusiya butangura gutera Ukraine, ntiburashobora guhungabanya Reta ya Prezida Volodymyr Zelensky, canke ngo bwigarurire umurwa mukuru, Kiev. Buramaze ariko kwigarurira akarere ka Donbass gateye imbere mu vy'amahinguriro. Ako karere, ni nako kabarizwamwo intara za Luhansk na Donetsk yakajijwemwo ibitero kuva ejo ku wa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG