Uko wahagera

Uburusiya Bwagavye Ibitero mu Bice vya Donetsk


Ahagabwe igitero

Inteko z'Uburusiya zakoze ibitero mu bice bitandukanye vy'intara ya Donetsk uno musi ku wa kabiri. Ni inyuma y'uko zigaruriye intara ya Luhansk. Bulamatari w’intara ya Donetsk, Pavlo Kyrylenko, yamenyesheje ko inteko z’Uburusiya zarashe vya muzinga muri iyo ntara mw’ijoro ryashiriye uno musi ku wa kabiri.

Atangaza ko ibisagara vya Sloviansk na Kramatorsk arivyo vyageramiwe bikomeye cane. Atangaza ko ataho umuntu ashobora guhungira vya muzinga Uburusiya buriko burasa mu ntara yiwe.

Uburusiya bufise imigambi y’ugufata intara yose ya Donbas iri mu buseruko bwa Ukraine. Iyo ntara irimwo amahinguriro akomakomeye.

Inteko za Ukraine zaravuye mu gisagara ca Lysychansk mu mpera z’indwi irangiye zija mu birindiro bishasha vy’ukwivuna umwansi mu ntara ya Donetsk uno musi ku wa kabiri. Iyo nkuru itangazwa na bulamatari w’intara ya Luhansk, Serhiy Gaidai.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’Uburusiya bumenyesha ko bwakoresheje ibirwanisho vy’ubuhinga bukomeye cane kugira busambure ibibanza bitangirwamwo amategeko ya gisirikare hamwe n’ibirimwo vya muzinga mu ntara ya Donetsk.

Ibisagara bikomakomeye muri iyo ntara biracari mu minwe ya Ukraine. Impande zose zaratakaje abasirikare batari bake mu ngwano yabereye mu ntara ya Luhansk.

Kuva ingwano itangura, Uburusiya bwasavye ko Ukraine iha abashaka kuyiyonkorako intara za Luhansk na Donetsk.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG