Uko wahagera

Uburusiya Bwigaruriye Intara Yose ya Luhansk Muri Ukraine.


Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin yategetse umushikiranganji wiwe ajejwe kwivuna abansi kubandanya ibitero muri Ukraine inyuma y'uko Uburusiya bufashe igisagara ca Lysychansk.

Putin yerekanywe kuri televiziyo y’Uburusiya asaba inteko z’igihugu ciwe kubandanya ibitero vyazo hisunzwe imigambi yategekanijwe imbere y'aho.

Ifatwa ry’igisagara ca Lysychansk ritumye Uburusiya bwigarurira intara yose ya Luhansk.

Imbere yaho bulamatari w’iyo ntara yari yatangaje ko inteko za Ukraine zari zavuye muri ico gisagara kugira abasirikare b’Uburusiya ntibagisenye bari kure yaco. Amenyesha ko abasirikare ba Ukraine bagiye mu birindiro bishasha.

Uyo bulamatari yatangaje ko n’aho gutakaza intara ya Luhansk ari ibintu bibabaje cane, ari urugamba rumwe, ko badatakaje ingwano ubwayo. Yasavye ibihugu vyo mu burengero bw’isi kubaha ibindi birwanisho kugira bahagarike ibitero vy’Uburusiya bibandanya.

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yatangaje ko inteko z’igihugu ciwe zizogaruka gusubira gufata igisagara ca Lysychansk mu gihe igihugu ciwe caronka ibindi birwanisho bikomakomeye bigezweko.

Uburusiya bwongereje muri iki gihe ibitero vy’amabombe mu bisagara bihana imbibe n’intara ya Donetsk, cane cane mu bisagara vya Sloviansk na Kramatorsk.

Intara za Donetsk na Luhansk ni zo zirimwo amahinguriro akomakomeye muri Ukraine. Haheze ibirenga gatoyi indwi imwe inteko z’Uburusiya zifashe igisagara ca Severodonetsk.

Imbere y’uko igihugu ciwe gitangura ibitero muri Ukraine kw’itariki 24 y’ukwezi kwa kabiri, Prezida Putin yari yemeje intara zompi za Luhansk na Donetsk ko zigenga.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG