Uko wahagera

Ubwongereza Buzoha Ukraine Iyindi Mfashanyo ya Gisirikare Ingana Miriyaridi $1.2


Umushikiranganji wa mbere w'Uburusiya , Borris Johnson
Umushikiranganji wa mbere w'Uburusiya , Borris Johnson

Ubwongereza bwemeye kuri uyu wa gatatu guha Ukraine ibindi birwanisho bifise agaciro k’umuriyaridi 1.2 w’amadolari. Ibi birwanisho birimwo indege zitagira umupirote zo mu bwoko bwa drone, bizofasha kuzibira ibitero vy’Uburusiya.

Izi mfashanyo nshasha ziciye zishikana imfashanyo za gisirikare zingana n’imiraridi 2.7 z’amadolari iki gihugu kimaze guha Ukraine kuva iterwa mu kwezi kwa kabiri.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Boris Johnson, yavuze ko ibitero vya Perezida w’Uburusiya Vladimir Poutine ari ububisha.

Ubwongereza bwabaye kimwe mu bihugu vya mbere vyatanguye kurungika amamisile muri iyo ntambara. Bwaragize kandi uruhara mu kumenyereza abasirikare ba Ukraine.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG