Uko wahagera

Abasirikare 2 ba ONU muri Mali Bishwe na Bombe Yatezwe mw'Ibarabara

Senegalese peacekeepers belonging to the MINUSMA (he United Nations Multidimensional Integrated Stabilization Mission in Mali) line up ahead of the arrival of United Nation secretary-general, May 30, 2018 in Sevare.

Abasirikare babiri bo mu nteko za ONU muri Mali bamuka muri Misiri bishwe abandi bataramenyekana igitigiri barakomereka. Umurwi wa ONU muri Mali, MINUSMA wavuze kuri uyu wa kabiri ko bishwe na bombe yatezwe imodokari barimwo kuri uyu wa kabiri nyene.

MINUSMA yavuze kandi ko abo basirikare biciwe hagati y’ibisagara vya Tessalit na Gao.

Intambara muri Mali yatangujwe n’abarwanyi b’abajihadiste mu gice c’uburaruko bw’igihugu. Bamwe muri abo barwanyi bavugwa ko bafitaniye imigenderanire na al-Qaida hamwe n’umuhari wa reta ya kiyisilamu.

Itorororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters ritangaza ko abo barwanyi barushiriza kwiyagurira uturere n’aho iki gihugu kirimwo abasirikare ba ONU.

Abasirikare ba ONU 10 barungitswe kubungabunga amahoro muri Mali ni bo bamaze kwicwa mu mezi atandatu ya mbere y’uyu mwaka wa 2022.

Reuters

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG