Uko wahagera

Umusirikare Umwe wa ONU muri Mali Yaguye mu Mutego w'Abataramenyekana


Abasirikare bo mu nteko za ONU muri Mali
Abasirikare bo mu nteko za ONU muri Mali

Umusirikare wo mu nteko za ONU zagiye kubungabunga amahoro muri Mali yishwe abandi batatu barakomereka mu gitero c’iterabwoba muri Kidal, mu buraruko bwa Mali.

Umuvugizi wa MINUSMA, (umurwi wa ONU muri Mali) yavuze ko abo basirikare bo muri Jordaniya, biciwe mu mutego batezwe mw’ibarabara.

Nta makuru yatanzwe y’aboba bari inyuma y’ico gitero.

MINUSMA yarungitswe muri Mali mu 2013 gufasha ico gihugu cari gisatiriwe n’ibitero vy’abajihadiste.

Uwo murwi ugizwe n’abasirikare hamwe n’abaporisi 13.000, kandi 172 muri bo baramaze kuhasiga ubuzima.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG