Uko wahagera

ONU Isaba Abasirikare ba Mali Kugendera Ahiciwe Abantu 300


Intumwa idasanzwe y'ishirahamwe ONU muri Mali yasavye, uno musi ku wa kane, abategetsi b'abasirikare b'ico gihugu kurekurira inteko zijejwe gucungera umutekano za ONU kugendera igisagara ca Moura aho ishirahamwre riharanira agateka ka muntu kw'isi, Human Rights Watch, rivuga ko hiciwe abantu bagera ku 300.

Ni rimwe mw’ihohoterwa ry’agateka ka muntu ryabaye incuro zitari nke ryiyamirijwe na Reta zunze ubumwe za Amerika, Ubwongereza n’Ubufransa. Ishirahamwe, Human Rights Watch, ritangaza ko ubwicanyi bwabereye mu gisagara ca Moura buri mu bwicanyi bukabije cane bwabaye muri Mali mu kiringo c’imyaka 10 ico gihugu kimaze kirwanya intagondwa z’abayislamu.

Ubwongereza n’Ubufransa bitangaza ko abacangero b’Abarusiya bo mu murwi Wagner bashigikiwe n’Uburusiya bagize uruhara muri ubwo bwicanyi. Intumwa idasanzwe y’ishirahamwe ONU muri Mali, El-Ghassim Wane, yabwiye urwego rw’iryo shirahamwe rujejwe kubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi ko reta ya Mali yamenyesheje mw’itangazo kw’itariki imwe y’ukwezi kwa kane ko yishe abagira iterabwoba batari bake mu karere ka Moura kari hagati mu gihugu.

Yamara yatangaje ko inteko zijejwe gucungera umutekano za ONU zizwi kw’izina rya MINUSMA, zaronse amakuru kw’ihohoterwa rikomeye ry’agateka ka muntu ryakozwe na Reta ya Mali ku basivile batari bake mu bikorwa vyayo vya gisirikare ku ntagondwa z’abayislamu. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG