Uko wahagera

Mali: Abasirikare 5 Baguye mu Mutego w'Intagondwa


Abasirikare ba Mali
Abasirikare ba Mali

Intagondwa z’abajihadiste zishe abasirikare batanu ba Mali mu mutego zateze kuri uyu w’Imana hagati na hagati muri ico gihugu.

Igisirikare ca Mali cavuze ko catanye mu mitwe n’umugwi utaramenyekana w’abakora iterabwoba. Congeyeko ko imodokari zitanu z’igisirikare ca Mali zaturiwe, kandi na zitatu z’ababateye nazo nyene zasambuwe, kandi intagondwa zitatu zishwe.

Mu gatondo ka kare, umugwi wa ONU wagiye kubungabunga amahoro muri Mali, (Minusma) watangaje ko batatu mu nteko zawo bakomerekejwe n’igisasu ku musi wa gatandatu. Bavuga ko ivyo vyabereye hafi y’ikambi yabo i Kidal, mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu.

Kuva intagondwa zishingiye kw’idini rya kiyisilamu zitanguye ibitero mu buraruko mu 2012, Mali imaze gutakaza ibihumbi vy’abanyagihugu, benshi bagizwe n’abasivile. Abo bicwa mu gihe amakungu hamwe n’inteko za ONU, iz’Ubufaransa na Afrika ziri mu gufasha Mali kurwanya abo barobeli. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG