Uko wahagera

Inteko za ONU muri Mali Zongewe Uwundi Mwaka


Umusirikare w'Ubufaransa imbere y'abasirikare ba Afrika bari mu nteko za Minusma
Umusirikare w'Ubufaransa imbere y'abasirikare ba Afrika bari mu nteko za Minusma

Akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kemeye kuri uyu wa gatatu kwongereza ikiringo c’umwaka umwe umurwi wa ONU uri kubungabunga amahoro muri Mali, MINUSMA. ONU yemeje ariko ko ata gisirikare c’Ubufaransa kirwanira mu kirere kizosubira gufasha inteko za ONU nkuko vyari mbere.

Umwe mu badiplomate bo muri ako kanama atashimye kugaragaza amazina yiwe yavuze ko ibindi bihugu vya Buraya bifise inteko muri uyo murwi bishobora guca biva muri MINUSMA kuko Ubufaranswa bukumiriwe mu ngwano z’indege.

Umurwi MINUSMA washinzwe mu 2013. Icuka kibi ca poritike co mu 2012 muri Mali catumye havuka imihari y’iterabwoba mu buraruko bw’igihugu, mu nyuma itandukira mu bihugu bibanyi ari vyo Burkina Faso na Nijeri.

Mali ubu irongowe n’abasirikare bavavanuye n’Ubufaransa, bwahoze buyikolonije, ihindukirira ku Burusiya kugira buyifashe kurangiza uwo mutekano muke watewe n’abajihadiste.

Umurwi MINUSMA umaze gutakaza abasirikare 175, hamwe n’ibihumbi vy’abasivile n’abasirikare bahasize ubuzima. Izindi ngaruka iyo ntambara yateye ni ibihumbi amajana vy’abanyagihugu bateshejwe ingo zabo.

Ingingo yo kwemeza kwongereza ikiringo c’uwo murwi yemejwe n’ibihugu 13 kuri 15 bigize ako kanama. Uburusiya n’Ubushinwa vyahisemwo kudatora.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG