Uko wahagera

Mali: Abasirikare Umunani ba MINUSMA Bakomerekejwe na Mine


Abasirikare ba Senegal bo mu nteko za MINUSMA
Abasirikare ba Senegal bo mu nteko za MINUSMA

Abasirikare umunani bo mu nteko za ONU ziri kubungabunga amahoro muri Mali bakomerekejwe n’igisasu ca mine catezwe mw’ibarabara mu ntara ya Timbuktu yiganjemwo abajihadiste.

Umutegetsi wa ONU atashatse kumenyekanisha amazina yiwe, yavuze ko abo basirikare ari abo muri Burkina Faso, bo mu nteko za MINUSMA.

Gushika aho uku kwezi kugeze, abasirikare bane ba ONU baramaze kwicwa n’ibikekwa kuba ibitero vy’abajihadiste mu buraruko no hagati muri Mali.

Iki gitero kibaye mu gihe mu ndwi iheze, Mali yahuye n’ivyago aho abanyagihugu batari bake bagandaguwe bunyamaswa muri ako karere ka Sahel.

Reta yavuze ko abajihadiste bishe abasivile 132 i Diallassagou no mu bindi bisagara bihakikuje hagati na hagati muri Mali.

Mali kuva mu 2012 iri mu bitero vy’imihari y’abajihadiste ishamikiye kuri Al-Qaeda n’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG