Uko wahagera

Etiyopiya: Abarobeli Bagirizwa Kwica Abasivile bashika 150


Abasirikare ba reta ya Etiyopiya kw'ibarabara hafi Agula, mu buaruko bwa north of Mekele, in the Tigray region of northern Ethiopia, May 8, 2021.

Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya yavuze ko kuri uyu wa mbere ko habaye ubwicanyi bukabije bwagirizwa umuhari w’abarobeli badacana uwaka na reta yiwe. Yagiriza abo barobeli kwica abasivile mu mirwano yabahuje n’inteko za reta mu ntara ya Oromo.

Ibiro vy’umushikiranganji wa mbere, Abiy Ahmed, ntivyatanze ibitigiri vy’abishwe n’abo barobeli. Ariko ishirahamwe rihurikiyemwo abo mu bwoko bw’aba Amhara, riri muri Amerika, ryabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’abanyamerika, Associated Press, ko ryemeza ko abasivile bishwe muri ivyo bitero bari hagati y’150 n’160. Iri shirahamwe ryavuze ko aya makuru riyakesha abari aho vyabereye.

Ibi umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya abitangaje inyuma y’indwi zitatu abasivile baharurwa mu majana bo mu bwoko bw’aba Amhara bishwe muri iyi ntara nyene mu bitero vyegekwa ku baharanira uguhabuza ubwoko bw’aba Oromo.

Ariko uwo muhari w’abarobeli urahakana ivyo vyagiriji, ukagiriza ahubwo abasirikare ba reta hamwe n’imihari y’abarwanyi ikorana nayo kuba ari bo bakora ivyo bitero.

AP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG