Uko wahagera

Etiyopiya Ihanura Sudani Kwirinda Intambara


Abasirikare ba Etiyopiya mu mabarabara ya Addis Ababa, muri Etiyopiya
Abasirikare ba Etiyopiya mu mabarabara ya Addis Ababa, muri Etiyopiya

Sudani kuri uyu wa mbere yavuze ko izohamagaza ambasaderi wayo i Addis Abeba muri Etiyopiya mu mubonano, inyuma y’aho igisirikare ca Etiyopiya cagirijwe kwica abasirikare indwi ba Sudani hamwe n’umusivile umwe.

Etiyopiya yahakanye ko ingabo zayo zabigizemwo uruhara. Yavuze ko ubwo bwicanyi bwakozwe n’imihari yitwaje ibirwanisho kandi ivuga ko yababajwe n’abahasize ubuzima.

Icuka kibi hagati y’ivyo bihugu bibiri cariyongereye mu myaka iheze, haraba n’ugutana mu mitwe, ku rubibe rwa Al-Fashaqa ruri hafi y’intara ya Tigre ya Etiyopiya.

Umutegetsi mu gisirikare ca Sudani atashimye ko amazina yiwe amenyekana yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP, ko abo basirikare bishwe bari bapfungiwe ku rubibe ruri hafi ya Al-Fashaqa.

Umushikiranganji wa Sudani ajejwe imigenderanire n’amakungu yavuze ko buca ahamagara ambasaderi wiwe muri Etiyopiya mu mubonano. Uwo mushikiranganji yavuze ko ambasaderi wa Etiyopiya muri Sudani nawe azotumwako kugira abwirwe iyi nyifato igayitse y’igihugu ciwe.

Etiyopiya yahanuye Sudani kwirinda ibikorwa vy’intambara.

Umukuru w’abasirikare muri Sudani, Abdel Fattah al-Burhan kuri uyu wa mbere yagendeye ahiciwe abo basirikare, i Al-Fashaqa, aca ategeka abasirikare biwe guhagarika abantu bose binjira ku butaka bwa Sudani kubangamira umutekano w’abenegihugu bayo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG