Abantu barenga 200, bagwiriyemwo abo mu bwoko bw’aba Amhara, barishwe mu gitero cabereye mu ntara ya Oromo ku musi wa gatandatu. Abavyiboneye hamwe na reta y’iyo ntara bavuga ko ubu bwicanyi bwakozwe n’abarobeli bo muri Oromo baharanira guhabuza iyo ntara.
Umwe mu babibonye yabwiye ikimenyeshamakuru co muri Amerika, Associated Press ko yabonye ibiziga 230 kandi bariko barabihamba mu binogo rusangi.
Umuhari w’abarobeli wagirizwa ubwo bwicanyi urabihakana.
Etiyopiya iri mu ndyane zifatiye ku moko mu ntara zitari nke. Aba-Amhara, ubwoko bugira kabiri mu banyagihugu barenga imiriyoni 110, bakunze guterwa mu ntara nka Oromo.
Komisiyo y’igihugu y’agateka ka muntu muri Etiyopiya yasavye reta kurondera umuti urama w’ubwicanyi bukorerwa abasivile no kubakingira ibitero nk’ivyo.
@Reuters
Facebook Forum