Uko wahagera

Tigreya: Imyaka Itatu Iraheze Abana Batiga Kubera Intambara


Bamwe mu bana bo muri Tigray
Bamwe mu bana bo muri Tigray

ONU itangaza ko intambara iriko ibera mu karere ka Tigreya muri Etiyopiya igiye gutuma abana bagiye kumara umwaka ugira gatatu bataja mw’ishule, abandi bagiye kuyasubiramwo mu turere two hafi y'aho bakaba barahahamutse.

ONU imenyesha ko abana bangana n’imiriyoni 1, n’ibihumbi 39 mu ntara ya Tigreya batariko bariga kubera intambara iriko ibera muri Etiyopiya. Mu gihe abamenyeshamakuru batemerewe kwinjira muri Tigreya, hakurya yaho mu ntara ya Amhara, amashure agiye gusubira kwugururwa inyuma y’aho hari harafashwe n’abagwanyi bo muri Tigreya gushika mu kwezi kwa cumi na kabiri guheze. Yamara ivyo baciyemwo mu ntambara vyarabahahamuye.

Hari amakuru yemeza ko ku mashure mato mato ya Gashena, abagwanyi ba TPLF bahakoresheje nk’ibirindiro vyabo. Ayo makuru avuga kandi ko ivyo bibanza vyahambwemwo abantu ikivunga. Vyongeye, impome z’inyubakwa zaho zaranditsweko ibitutsi ku bantu bo mu bwoko bw’aba Amhara hamwe no ku mushikiranganji wa mbere. Abarwanyi ba TPLF barahakana ivyo birego, bagasaba ko haba amatohoza yigenga.

Umwe mu banyeshure yibuka uko hari hameze kuri iryo shure, avuga ko yahasanze amaraso, intebe n’imashini nyabwonko bimenaguritse. Icegera c’umuyobozi mukuru w’ishure avuga ko barinze gusaba abategetsi gufuburura ibiziga vy’abasirikare n’abanyagihugu bishwe mu ntambara kubera vyagiye biragira ingaruka mbi ku vyiyumviro n’imishaha y’abanyeshure.

Umwe mu bayobozi b’ishirahamwe rifashwa na ONU avuga ko naho ibifungurwa n’amazi ari ibintu vya ngombwa ku bantu bateshejwe ingo zabo, ishure rifise uruhara rukomeye kuko rifasha abana gukira ubuhahamuke, kandi bikazofasha igihugu kwiyubaka neza kugira gikinge ntihazobe izindi ntambara muri kazoza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG