Uko wahagera

Tigreya Yagirizwa Kwinjiza Abana mu Gisirikare


Zimwe mu ngabo za TPLF
Zimwe mu ngabo za TPLF

Abategetsi mu ntara ya Tigreya mu buraruko bwa Etiyopiya bagirizwa ko binjiza imikangara ku nguvu mu gisirikare kugira irwanye Reta ya Etiyopiya. Iyo nkuru itangazwa n’abarwanyi b’umuhari uyoboye intara ya Tigreya, “Tigray People’s liberation Front”, TPLF, mu mfunyapfunyo bafashwe hamwe n’ababa muri iyo ntara.

Itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, ryarabajije hagati y’ukwezi kwa kabiri n’ukwezi kwa gatanu ababa mu ntara ya Tigreya, abarwanyi b’umuhari TPLF bafashwe n’abakorera amashirahamwe y’abagiraneza. Bakaba baravuze ukugene abategetsi bo mu nzego zo hasi binjije abantu ku nguvu mu gisirikare mu bice bitari bike vy’intara ya Tigreya.

Benshi mu bari binjiye ku bwinshi mu gisirikare ku gushaka kwabo mu ntango y’ingwano hagati y’inteko za TPLF na Reta ya Etiyopiya batera bagonanwa muri iki gihe kurwana mu ntambara batabona iherezo ryayo muri iki gihe.

Kindeya Gebrehiwot, akora mu biro bijejwe imigenderanire vy’intara ya Tigreya, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, akoresheje ubutumwa kuri email, ko bamwe mu bategetsi b’inzego zo hasi mu ntara ya Tigreya, bapfunze imiryango y’abo bashaka kwinjiza mu gisirikare ku nguvu.

Yamara yamenyesheje ko ivyo ari ibintu bishika gake. Avuga ko abari bapfunzwe barekuwe mu gihe abo bategetsi bahanywe. Atangaza ko iyo atari imigambi ya Reta ya Tigreya.

Umuvugizi wa Reta ya Etiyopiya, Legesse Tulu yatangaje ko abategetsi ba reta baronse amakuru atari make avuga ko abantu binjizwa ku nguvu mu gisirikare mu ntara ya Tigreya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG