Uko wahagera

USA: Abashika kuri Batandatu Bishwe Barashwe i Chicago


Ahabereye ubwicanyi i Highland Park, mu micungararo ya Chicago, Illinois, kw'itariki ya 4/7/2022
Ahabereye ubwicanyi i Highland Park, mu micungararo ya Chicago, Illinois, kw'itariki ya 4/7/2022

Igiporisi kivuga ko abantu bashika kuri batandatu bishwe barashwe, 19 batwarwa mu bitaro, i Highland Park, mu micungararo y’igisagara Chicago, muri reta ya Illinois, hagati hashira uburengero bwa Reta zunze ubumwe za Amerika. Bishwe bari muri defile yatunganijwe kuri iyi tariki ya 4 y’ukwezi kw’indwi, aho Amerika yibuka intsinzi yo kwikukira.

Uku kurasa kwabaye haheze umwanya muto defile itanguye, isaha zine z’agatondo mu masaha yo muri ako karere.

Ntibiramenyekana nimba abo bapfuye bari muri abo 19 bavuzwe ko batwawe mu bitaro. Igiporisi cavuze ko abategetsi bakiriko bararondera uwakoze ubwo bwicanyi.

Umushingamateka Brad Schneider, yari yitabiriye ivyo birori, yahojeje imiryango yabuze abayo.

Ubu bwicanyi buri mu rukurikirane rw’ababandanya gusiga ubuzima bishwe n’inkoho muri Amerika. Urubuga ngurukana bumenyi rutororokanya amakuru y’abicwa n’inkoho muri Amerika, Gun Violence Archive, ruvuga ko abashika 40.000 bicwa buri mwaka barashwe n’inkoho muri Amerika, barimwo n’abandi bapfa biyahuye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG