Uko wahagera

USA: Igitero c'Abitwaje Inkoho Cahitanye Umwe Gikomeretsa 12


Igitero c’abitwaje inkoho cahitanye umuntu umwe gikomeretsa abarenga cumi mu gisagara ca Minneapolis giherereye muri Reta ya Minnesota aha muri Amerika.

Amasanamu yashizwe ahabona ku mbuga ngurukanabumenyi ico gitero kikiba, yabonekako abantu baryamye hasi basaba ubufasha. Yariko kandi amazu yabomaguwe amadirisha co kimwe n’imodoka zasambuwe ibiyo.

Amakuru y’icinyegeje inyuma y’ico gitero canke aboba bakekwa kuba bagikoze ntaramenyekana. Gusa, polisi ya Minneapolis ibicishije ku rubuga rwayo rwa Twitter yemeje ivy’ico gitero ivuga ko abakomeretse aho bari mu bitaro bariko baratora ka mitende.

Igisagara ca Minneapolis kimaze iminsi cumvikanamwo uruhagarara inyuma y’urupfu rw’umwirabure George Floyd yacikanye umupolisi afise urukoba rwera amufukamyeko.

Hagati aho, tukivuga ku vy’iyo dosiye ya Floyd, imyiyerekano y’abasaba ko ivanguraruhu n’inguvu polisi ikoresha mu banyagihugu bihagarara mu mpera z’ino ndwi yongeye gukazwa mu bisagara bitandukanye.

Abaraye biyerekanyeku murwa mukuru Washington DC mu micungararo y'ingoro ya perezida, basenyuye ishusho ya Albert Pike, umwe mu bategetsi bo hambere bari bashigikiye ubucakara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG