Uko wahagera

USA: Sentare Ntahinyuzwa Yemereye Abanyamerika Gutemberana Inkoho


Sentare ntahinyuzwa ya Reta zunze ubumwe za Amerika, Court Supreme, yemeje kuri uyu wa kane ko abanyamerika bafise uburenganzira bwo kwitwaza inkoho no hanze y’amazu yabo, no mu bantu benshi. Iyi ngingo yemejwe n’abacamanza 6 kuri 3 bayihakanye. Ije kuvuguruza itegeko rimaze imyaka irenga 100 muri reta ya New York, ryemerera umuntu gusohokana inkoho hanze y’inzu adahawe uruhusha kandi yerekanye ko vy’ukuri umutekano wiwe ubangamiwe.

Ayandi mareta atanu, arimwo California, na Washington DC, ku murwa mukuru, afise amategeko nk’ayo abuza abantu gutwara inkoho mu bandi bantu hanze y’urugo rwabo.

Perezida Joe Biden wo mu mugambwe w’abademokrate yiyamirije iyi ngingo. Yavuze ko itumvikana kandi iteye kubiri n’ibwirizwa shingiro, kandi ikwiye gutera ubwoba abanyamerika bose. Yasavye abanyamerika bose kuyiyamiriza.

Naho hadasiba kuba ubwicanyi kivunga butewe n’inkoho zitunzwe n’abanyagihugu, sentare ntahinyuzwa ya Amerika yavuze ko ibwirizwa shingiro ryemerera abantu gutunga no gutemberana inkoho.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG