Uko wahagera

USA: Imyiyerekano Isaba Amategeko Ruhasha ku Batunga Inkoho


Abantu mu myiyerekano yitiriwe 'March for Our Lives' yiyamiriza ubwicanyi bukorwa hakoreshejwe inkoho

Abantu baharurwa mu bihumbi kuri uyu w’Imana bakoze imyiyerekano i Washington D.C. no mu bindi bisagara muri Reta zunze ubumwe za Amerika. Basaba Congress ya Amerika gufata ingingo, inyuma y’ubwicanyi kivunga hakoreshejwe inkoho buhitiye mu bisagara vya Uvalde muri reta ya Texas, n’i Buffalo, muri New York.

Ashikiriza ijambo amasinzi y’abari muri iyo myiyerekano, umukuru w’igisagara ca Washington DC, Muriel Bowser, yavuze ko aho vyabereye ari kera ubwicanyi bubwirizwa guhagarara.

Perezida wa Amerika Joe Biden yabwiye abari muri iyo myiyerekano i Washington D.C. kuyibandanya.

Umurwi w’abasenateri bava mu migambwe y’abademokrate n’abarepublikane kuri uyu w’Imana barashikirije intambwe bumvikanyeko zo kuzohagarika ubwo bwicanyi.

Abarepublikane, bamye bazibira ingingo ruhasha zisabwa baranana ku ngingo zo kugenzura ikibazo c’abatunga inkoho. Bavuga ko ibibazo bijanye n’ingwara zo mu mutwe ari wo muzi nyamukuru w’iyi ngorane.

Ivyashoboye kumvikanwako birimwo gukora amatohoza yimbitse ku bagura inkoho bafise imyaka iri munsi ya 21, kwongereza uburyo buhabwa amareta kugira abantu bashobora kuba intambamyi z’umutekano babuzwe gutunga inkoho. Bumvikanye no kwongereza ibihano ku bakora ubwicanyi bakoresheje inkoho.

Perezida Joe Biden yashimye ivyumvikanyweko n’abo basenateri aca asaba nyabuna abashingamateka guca bihuta bakabitora nk’itegeko, ariko avuga ko izi ngingo zitashitse kure nkuko yavyipfuza

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG