Uko wahagera

USA: 20 Bishwe Barashwe Kw'Ishure ry'Intango muri Texas


Umukenyezi ariko araririra ahatwawe abanyeshure barashwe kw'ishure ry'intango rya Robb Elementary School mu gisagara ca Uvalde, muri Texas, kw'itariki ya 24/05/2022
Umukenyezi ariko araririra ahatwawe abanyeshure barashwe kw'ishure ry'intango rya Robb Elementary School mu gisagara ca Uvalde, muri Texas, kw'itariki ya 24/05/2022

Buramatari wa reta ya Texas, mu bumabuko bwa Reta zunze ubumwe za Amerika,Greg Abbott, yavuze ko abantu 20 bishwe barashwe kuri uyu wa kabiri kw’ishure ry’intango ryo muri reta arongoye.

Abbott avuga ko uwukekwa ubwo bwicanyi, umusore w’imyaka 18, nawe nyene yapfuye yishwe n’abaporisi baje gutabara. Abapfuye bagizwe n’abana 18 hamwe n’abakuze babiri, kw’ishure ry’intango ryitwa Robb Elementary School mu gisagara ca Uvalde, kiri hafi ku birometero 135 mu burengero bwa San Antonio.

Buramatari Abbott yavuze ko uwarashe yari afise inkoho yo mu bwoko bwa Pistolet hamwe kumbure n’iyindi iremereye irasa amasasu menshi mu mwanya muto.

Ubu bwicanyi hakoreshejwe inkoho muri Texas bubaye ata ndwi zibiri zari bwahere uwundi musore arashe abantu mw’isumuro ry’ibifungurwa i Buffalo, muri New York, ahasize ubuzima abirabure 10 hamwe n’abakozi. Abategetsi bavuze ko ubwo bwicanyi bwari bushingiye ku rwanko rushingiye ku rukoba.

Igisagara ca Uvalde cabayemwo ubwicanyi kuri uyu wa kabiri kibamwo abantu hafi 16.000. Kiri ku birometero 120 uva ku rubibe na Mexique.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG