Uko wahagera

Bane Bishwe Barasiwe ku Bitaro i Tulsa muri Oklahoma


Scene of a shooting at a clinic in Tulsa
Scene of a shooting at a clinic in Tulsa

Abantu batatu bishwe n’umuntu yitwaje inkoho ku bitaro mu gisagara ca Tulsa, muri reta ya Oklahoma, kuri uyu wa gatatu. Ibi vyavuzwe n’igiporisi, mu gihe abavyeyi barasiwe abana mu ndwi iheze kw’ishure muri Texas batari bwaheze no kubapfuba.

Uwo mugabo yabarashe, yari afise inkoho nk’izo mu ntambara, kandi nawe nyene yarapfuye, ariko ntibiramenyekana ko yishwe n’igiporisi canke ari we yaciye ahitamwo kwiyica.

Perezida wa Amerika, Joe Biden yabwiwe ivy’ubwo bwicanyi, kandi perezidanse, White house yahaye abategetsi bo muri ico gisagara imfashanyo zikenewe.

Ubu bwicanyi bukurikiye ubwabaye kw’itariri ya 14 z’ukwa gatanu i Buffalo muri New York, ahishwe abirabure 10. Hamwe n’ubuherutse kuba mu gisagara ca Uvalde muri Texas ahagandaguwe abana b’abanyeshure 19 hamwe n’abigisha babo babiri

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG