Uko wahagera

Amerika Igandariye Abana 19 Bishwe na Mugenzi Wabo


Ishure ryakoreweko ubwicanyi
Ishure ryakoreweko ubwicanyi

Mu bwicanyi bushasha bugizwe muri iyi misi ya vuba, kuri uno musi wa gatatu reta zunze ubumwe z'Amerika iri mu kigandaro inyuma yaho umunyeshure wo mu mwaka wa kane yishe arashe bagenzi biwe 19 hamwe n’abandi bantu bakuze 2.

Ubwo bwicanyi butagira izina bwakozwe kw’ishure ry’intango mu bumanuko bwa reta ya Texas. Bubaye ubwicanyi buteye agahinda cane bubaye muri bwinshi bwagiye buragirwa mu mateka y’igihugu. Ico gitero catanguriye mu gisagara ca Uvalde aho abajejwe umutekano bavuga ko umusore w’imyaka 18 yabanje kurasa nyogokuru wiwe aho yari muhira iwe, yongera ashishikara kw'ishure kuja kwica bagenzi biwe vyigana. Uwo musore yahavuye araswa aricwa n’igipolisi.

Umwe mu baporisi yabwiye ikimenyeshamakuru CNN ko abo uwo musore yishe bose bari mw’ishure rimwe ryitwa Robb Elementary School. Mw’ijambo ririmwo umubabaro mwinshi, Prezida Biden ejo mu musi wa kabiri, yarahojeje imiryango yabuze abana babo yongera abaza impamvu iraswa ry’abantu ku bwinshi rikunze kugirwa muri Reta zunze ubumwe za Amerika. Yongeye asaba abashingamateka gushigikira amategeko avuga ko atomoye ajanye no gutunga inkoho mu gihugu.

N’ishavu ryinshi Biden yavuze ati: “Ndarushe kandi ndarambiwe”. Kubera iki tuguma twihanganira iri sesagurwa ry’amaraso? Kubera iki tuguma twemera kw’ibi bintu biba? Ntasoni tugira? Mw’izina ry’Imana ni ryari tuzohagurukira amategeko yorosha ikoreshwa ry’inkoho atuma haba aya mabi?

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG