Uko wahagera

Perezida Biden Yadendeye Ahiciwe Abanyeshure muri Texas


Perezida wa Amerika, Joe Biden n'umutambukanyi wiwe Jill Biden, ashira amashurwe kw'ishure ry'intango Robb Elementary School, ahiciwe abana 19 n'abigisha babiri, muri Uvalde, Texas, kw'itariki ya 29/05/2022

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden hamwe n’umutambukanyi wiwe, Jill Biden bagendeye igisagara ca Uvalde, muri Texas, kuri uyu w’Imana. Bari kugarukira ku miryango yabuze abana babo hamwe n’abarokotse igitero cabaye mu ndwi iheze kw’ishure ry’intango ahishwe abana b’abanyeshure 19 hamwe n’abigisha babo babiri.

Ni ubugira kabiri umuryango wa Perezida Biden na Reta zunze ubumwe za Amerika bahungabanwa n’ubwicanyi kivunga buba mu gihugu. Mu ntango z’uku kwezi yaragendeye igisagara ca Buffalo, muri reta ya New York, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Amerika, aho umusore w’umuzungu yarasa akica abirabure 10 mw’isumiro ry’ibifungura.

Ni mu gihe abashingamateka i Washington batarashobora kwumvikana ku mategeko akaze boshinga ku bantu bagura inkoho. Abo mu mugambwe w’abademokratse basaba ko hafatwa ingingo zikomeye hamwe n’amatohoza yimbitse ku bagura inkoho. Abarepublikani bo ntibabishigikiye.

Inyuma y’ubwicanyi bwabaye mu gisagara ca Uvalde, umurwi w’abasenateri b’abarepublikani n’abademokrate bari mu mibonano kugira barabire hamwe itegeko rishasha bohurirako kugira rishobore kuzokwemezwa benshi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG