Uko wahagera

Misile y'Uburusiya Yishe 13 mu Gisagara co muri Ukraine


Ukraine yasavye inama yihuta y’akanama ka ONU kajejwe umutekano, inyuma y’ibitero vy’Uburusiya vyishe abasivile muri Ukraine. ONU yavuze ko iyi nama itegekanijwe kuba kuri uyu wa kabiri.

Umuvugizi w’intumwa za Albaniya muri ONU yavuze ko misile yatewe n’igisirikare c’Uburusiya kuri uyu wa mbere ku kibanza kirimwo amamangazini menshi mu gisagara ca Kremenchuk ari co iyi nama ya ONU iza kwigako. Yavuze kandi ko igitero cakozwe kw’igorofa ibamwo abantu ku murwa mukuru Kiev ku musi w’Imana kizoganirwako muri iyi nama.

Abantu cumi na batatu ni bo bemejwe ko bishwe n’ico gitero co mu gisagara ca Kremenchuk.

Abategetsi ba Ukraine bagirije Uburusiya gutera abasivile inyuma y’ibindi bitero bibiri bwakoze mu buseruko bw’igihugu kuri uyu wa mbere, vyahitanye abasivile 12.

Uburusiya, bwateye Ukraine mu kwezi kwa kabiri, bwarahakanye ko bwakoze igitero ku musi w’Imana ku nyubakwa zibamwo abantu ku murwa mukuru Kiev. Bwavuze ko bwateye ububiko bw’ibirwanisho.

Umukuru w’igisagara ca Kiev, Vitaly Klitchko, yavuze ko ibi bitero vyishe umuntu umwe n’abandi batandatu bakomeretse, barimwo umwana w’umukobwa w’imyaka indwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG