Uko wahagera

Uburusiya Bwateye Umurwa Mukuru wa UKraine, G7 Ihagarika Kugura Inzahabu Zabwo


Bimwe mu vyononekariye i Kiev
Bimwe mu vyononekariye i Kiev

Uburusiya bwagavye igitero ku murwa mukuru wa Ukraine, Kiev. Umukuru w’igisagara ca Kiev, Vitali Klitschko, yavuze ko n’imiburiburi inyubako imwe irimwo amazu yo kubamwo yabomowe n’ico gitero.

Igitero c’Uburusiya ku murwa mukuru wa Ukraine gihwaniranye n’inama y’abakuru b’ibihugu bihurikiye mu murwi w'ibihugu bitunze gusumba ibindi, G7, iza kubera mu Budagi.

Intambara Uburusiya bwatanguje muri Ukraine iza gutwara umwanya munini mu biza kuvugirwa muri iyo nama. Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskyy, yavuze ko nawe aza kuba ayirimwo.

Hagati aho, prezida wa Reta zunze Ubumwe z’Amerika, Joe Biden, yatangaje ko Amerika n’ibindi bihugu biri muri G7 bigiye guhagarika kugura inzahabu z’Uburusiya. Guhagarika kugura inzahabu z’Uburusiya bije vyiyongera ku bindi bihano amakungu amaze gufatira Uburusiya kuva butangura gutera Ukraine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG