Inama nshingamateka y’ishirahamwe rya Buraya yatoye yongera iremeza kuri uyu wa kane kwakira kandidatire ya Ukraine yo kwinjira muri uyu muryango.
Bavyemeje ku majwi 529 na 45 babihakanye, hamwe na 14 bahisemwo kuterekana aho bahagaze. Inama nshingamateka ya Buraya yemeje kandi kandidatire za Georgia na Moldaviya.
Iri tora ribaye mu gihe Reta zunze ubumwe za Amerika yavuze ko igiye kurungikira Ukraine iyindi mfashanyo ya gisirikare ifise agaciro k’imiriyoni 450 z’amadolari. Iyi mfashanyo igizwe n’ibindi bisasu vyo mu bwoko bwa roketi, vyiyongereye ku yindi mfashanyo ifise agaciro k’umuriyaridi w’amadolari yatangajwe mu ndwi iheze.
Kugira ibi bihugu bitatu bizokwemererwe burundu kwinjizwa muri uyo muryango w’ibihugu 27, bisabwa kuzobanza kwuzuza ibisabwa bitari bike mu vya poritike n’ubutunzi.
Akanana k’ubumwe bwa Buraya, kagizwe n’abakuru b’igihugu 27 vyo muri uyo muryango, ni ko kazotora ubwa nyuma kwemerera canke guhakanira ivyo bihugu bitatu. Abaperezida bose ni ngombwa ko bavyemeza atawuvuyemwo. Abadiplomate bavuga ko ibi bishobora kuzofata imyaka 10.
@AP, Reuters na AFP.
Facebook Forum