Uko wahagera

Ukraine Ifise Icizere co Kwinjira mu Bumwe bwa Buraya


Umwe mu banayagihugu ba Ukraine mu myiyerekano isaba ko Ukraine yemererwa kuba umunyamuryango wa EU

Abategetsi b'ibihugu bigize umuryango w'ubumwe bwa Buraya kuri uno wa kane batanguye kurimbura ubusabe bwa Ukraine bwo kwinjira muri uwo muryango.
Umukuru w’akanama gatwara ubumwe bwa Buraya, Charles Michel, yavuze ko afise icizere c’uko abategetsi b’ibihugu bigize uwo muryango baza kwemera badahigimanga ko Ukraine itangura intambwe ziyiganisha kuwinjiramo.

Inama y'abategetsi b'ubumwe bwa Buraya yo kwiga ku busabe bwa Ukraine yatanguye uno munsi, izohera ejo ku wa gatanu. Mu ndwi iheze, komisiyo y’Ubumwe bwa Buraya yasavye uwo muryango kwemera icipfuzo ca Ukraine na Moldova, agahugu gato gahana imbibe na Ukraine.

Ukwakira no kwemera ubusabe bw’igihugu kanaka bwo kwinjira mu muryango w’Ubumwe bwa Buraya ni yo ntambwe ya mbere igihugu cose kibwirizwa gutera imbere yo kuwinjiramwo. Uwo muryango urimwo ibihugu 27.

Intambwe zikurikira zirimwo ko Ukraine izoheza igatangura kwerekana ko ikwije ibisabwa vyose vyo kuba umunyamuryango, birimwo ubutunzi butajegajega, na demokarasi ikwije ivya ngombwa. Abahinga mu vya politike n’imigenderanire bavuga ko kugira Ukraine yemererwe burundu kwinjira mu bumwe bwa Buraya bishobora kuzotwara imyaka igera kuri cumi.

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskyy mw’ijambo ryiwe ry’ejo ku wa gatatu, yavuze ko yizera ko ibihugu vyose 27 bizomushigikira. Muri ivyo bihugu, yemeje ko amaze kuvugana na 11, yongerako ko kuri uno wa kane ategekanya guhamagara abandi bategetsi ba EU kuri terefone.

Hambavu y’ivya kandidatire ya Ukraine mu bumwe bwa Buraya, ku kirangaminsi c’ibindi, abategetsi b’uwo muryango bavuganako mu nama yabo iriko ibera i Buruseri ku murwa mukuru w’Ububirigi, harimwo ukurabira hamwe ingaruka zatewe n’intambara Uburusiya bwatanguje muri Ukraine. Bararaba kandi n’ingene uwo muryango wobandanya ushigikira Ukraine mu vy’ubutunzi n’ivya gisirikare.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG