Uko wahagera

UKraine Isaba Uburaya Guhagarika Ubudandaji n'Uburusiya


Amafoto ya Prezida w'Uburusiya (i Buryo), n'iy'uwa Ukraine (I Bubanfu)
Amafoto ya Prezida w'Uburusiya (i Buryo), n'iy'uwa Ukraine (I Bubanfu)

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yasavye uno musi ku wa mbere, abategetsi b'ibihugu vy'i Bulaya guhagarika ubudandaji bwose ibihugu vyabo bigirana n'Uburusiya. Ni mu ntumbero yo kuremera ico gihugu kugira gihagarike ibitero kimaze hafi y'ukwezi gikora mu gihugu ciwe.

Mw’ijambo yashikirije hakoreshejwe ubuhinga bwa video, Prezida Zelensky, yasavye abo bategetsi kudaha Uburusiya uburyo bwo kubandanya butera igihugu ciwe. Yabasavye kuremera Uburusiya kugira buve mu gihugu ciwe.

Abwira Ubudagi ku giti cabwo, yatangaje ko ico gihugu gifise inguvu, kandi n’akarere k’i Bulaya gafise inguvu zo kubikora. Akamo kiwe kabaye mu gihe ibihugu bitari bike vyo mu muryango w’ubumwe bw’Ubulaya, harimwo ibihugu vyo mu karere ka Baltike, vyateye akamo gasaba guhagarika kugura ibitoro n’umwuka utanga inguvu biturutse mu Burusiya.

Yamara Ubudagi ntibwashigikiye guhagarika buno nyene kugura amasoko ntanganguvu aturutse mu Burusiya. Abashikiranganji bajejwe imigenderanire b’umuryango w’ibihugu vy’Ubulaya bahuye uno musi ku wa mbere kugira baganire ivyerekeye Ukraine, hamwe n’ibijanye n’ingingo zo gukomeza ibihano vyafatiwe Uburusiya.

Abategetsi b’Uburusiya bagabishije, uno musi ku wa mbere, ibihugu vy’i Bulaya kuri iyo ngingo yo guhagarika kugura ibitoro vyaco: Uburusiya bwavuze ko iyo ngingo ishobora kugira ingaruka mbi ku mpande zose. Umuvugizi w’ibiro vya prezida w’Uburusiya, Dmitry Peskov, yatangaje ko ingingo nk’iyo ishobora kugira ingaruka zikomeye cane kw’isoko mpuzamakungu ry’amasoko ntanganguvu. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG