Uko wahagera

Perezida Biden Arasaba Ubushinwa Kudashigikira Uburusiya


Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Joe Biden aganira na perezida w'Ubushinwa Xi Jinping kw'itariki ya 15/11/2021.
Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Joe Biden aganira na perezida w'Ubushinwa Xi Jinping kw'itariki ya 15/11/2021.

Abategetsi muri Reta zunze ubumwe za Amerika bavuga ko Perezida Joe Biden atarya umunwa igihe aganira kuri uyu wa gatanu na mugenzi we w’Ubushinwa, Xi Jinping. Perezida Biden aragaragaza amakenga ya Amerika ko Ubushinwa bushobora guha Uburusiya ibirwanisho mu ntambara burimwo muri Ukraine.

Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire n’amakungu Antony Blinken yabwiye abamenyesha amakuru, umusi umwe imbere y’iki kiganiro hagati y’abo bategetsi ko Perezida Biden agabisha Perezida Xi Jinping ku ngaruka Ubushinwa bushobora kuzogira bwemeye guha Uburusiya ibikoresho vya gisirikare hamwe n’izindi mfashanyo kuri Ukraine.

Jen Psaki ajejwe kumenyesha amakuru muri White House yavuze ko iki kiganiro kiza gutuma kandi reta ya Amerika imenya aho Ubushinwa buhagaze ku ntambara iriko ibera muri Ukraine.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG