Uko wahagera

Perezida Biden mu Nama ya OTAN i Buruseli


Perezida wa reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden
Perezida wa reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden agetekanya kuzogira urugendo ruzomushikana i Buruseli mu Bubirigi mu nama za OTAN n’ishirahamwe rya Buraya ku musi wa kane w’indwi iza. Ni mu gihe ibihugu vyo mu burengero biri mu runani mu guhangana n’ibitero vy’Uburusiya muri Ukraine.

Izi nama zibiri zo kuwa 24 z’ukwezi kwa gatatu hagati ya perezida wa Amerika na bagenzi we ba Buraya zije inyuma y’aho Amerika n’Ubumwe bwa Buraya bafatiye hamwe urukurikirane rw’ibihano ku Burusiya.

Umunyamabanga mukuru wa OTAN, Jens Stoltenberg yanditse kuri Twitter ko bazoganirira hamwe ku gikenye c’Uburusiya kuri Ukraine, gufashigikira Ukraine hamwe n’ingingo za gisirikare zofatwa kuri ico kibazo. Yavuze kandi ko muri ibi bihe Amerika n’Uburayi bibwirizwa kuguma bishize hamwe.

Jen Psaki ajejwe kumenyesha amakuru muri White House yabwiye abamenyeshamakuru ko muri izi nama abo bategetsi bazoganira no ku bindi bihano vyofatirwa Uburusiya, hamwe no gufasha abashikiwe n’ingaruka z’intambara hamwe no kurabira hamwe umuti w’ibindi bibazo.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG