Uko wahagera

Uburusiya Bwigaruriye Kimwe mu Bisagara Bwipfuza muri Ukraine


Umwe mu banyagihugu aba mu gisagara ca Lysychansk Uburusiya bwigaruriye
Umwe mu banyagihugu aba mu gisagara ca Lysychansk Uburusiya bwigaruriye

Uburusiya bwagavye ibitero vy’ibisasu vya Roketi mu bibanza bitandukanye vyo muri Ukraine. Ni ibitero vyatumberejwe ahanini ahari ibirindiro vy’ingabo za Ukraine.
Ikimenyeshamakuru c’aha muri Amerika, The New York Times, canditse ko muri rusangi hatewe ama roketi arenga 40. Ico kimenyeshamakuru cavuze ko Roketi zatewe zazananye muri Belarusiya, congerako vyatewe habuze amasaha make gusa ngo Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, ahure na mugenzi we Belararusiya , Aleksandr G. Lukashenko, mu gisagara ca St. Petersburg co mu Burusiya

Ivyononywe n’izo roketi ntibiramenyekana. Hagati aho, Ukraine ivuga ko Uburusiya bwigaruriye ijana kw’ijana igisagara ca Lysychansk kiri mu buseruko bwa Ukraine. Uburusiya nabwo bukemeza ko muri ico gisagara bwahaboheye ingabo za Ukraine zigera ku 2000. Intambwe Uburusiya buteye mu kwigarurira igisagara ca Lysychansk ibuganisha bukebuke ku yindi yo kwigarurira intara ya Luhansk iri mu zo bwipfuza gufata.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG