Uko wahagera

Abasirikare 2 ba Mali Bishwe n'Abataramenyekana muri Timbuktu


Abasirikare ba Mali mu bikorwa vya gisirikare muri Timbuktu
Abasirikare ba Mali mu bikorwa vya gisirikare muri Timbuktu

Abasirikare babiri ba Mali bishwe kuri uyu wa gatatu mu gitero bakorewe kw’ibariyeri yabo n’abagabo bitwaje ibirwanisho bataramenyekana hafi y’igisagara ca Timbuktu, mu buraruko bw’igihugu.

Igisirikare kiremeza aya makuru ariko ntawe cavuze ari inyuma yaco.

Imirwi y’abajihadiste imenyerewe kuba ari yo ikunze kugaba ibitero nk’ivyo mu karere ka Timbuktu.

Ni mu gihe raporo iheruka gusohorwa na ONU yavuze ko ako karere kari kamaze amezi mu gahengwe.

Igisirikare kivuga ko intara zo hagati muri Mali zibandanya ziterwa ku rugero rwo hejuru kandi n’imbibe Mali ihana na Nijeri na Burkina Faso zirangwamwo umutekano muke.

Kuva mu 2012, Mali ntiraronka agahengwe kubw’imihari y’iterabwoba ya Al-Qaeda n’uwa reta ya kiyisilamu yama iriko iratera abajejwe umutekano hamwe n’abanyagihugu.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG