Uko wahagera

UK na Espanye Bahangayikishijwe n'Ibikorwa vy'Uburusiya muri Afurika


Bamwe mu bategetsi ba NATO

Espanye n'Ubwongereza vyasavye ishirahamwe OTAN gukwirikirana ikibazo kijanye n'umutekano waryo kiriko giterwa n'ukwiyongera kw'igihagararo n'ibikorwa vy'Uburusiya muri Afrika.

Ayo makenga yerekeye umutekano w’ibihugu bigize ishirahamwe OTAN yiyongera ku bitero Uburusiya buriko bukora muri Ukraine. Abashikiranganji bajejwe kwivuna abansi ba Espanye n’Ubwongereza ni bo babitangaje uno musi ku wa gatatu.

Mu kiganiro bahereye hamwe abamenyeshamakuru ku murwa mukuru wa Espanye, Madrid, umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Espanye, Margarita Robles yatangaje ko ingingo y’Uburusiya y’ukwagura ibikorwa vyabwo hamwe n’amashirahamwe ajejwe umutekano akora ku giti cayo nk’ishirahamwe Wagner mu bihugu nka Mali na Libiya ari ibintu biboneka ku buryo bugaragara. Yagiriza izo mpande zibiri ko ziriko zitera ubugizi bwa nabi bukomeye n’iterabwoba.

Robles avuga ko ishirahamwe OTAN ridashobora kubandanya rireze amaboko mu gihe ibintu vyifashe nk’uko. Mugenzi we w’Ubwongereza, Ben Wallace, yatangaje ko umutekano muke utera wiyongera muri Afrika bifatanije n’ikibazo c’inzara muri ako karere bishobora kugira ingaruka mbi zikomeye ku karere k’Ubulaya.

Wallace yariko ashigikira akamo katewe na Robles k’uko ishirahamwe OTAN ryoshira ibibera muri Afrika mu migambi yaryo ikomeye mu bijanye n’umutekano waryo. Abo bategetsi babiri baganiriye ivyerekeye ico kibazo kijanye n’umutekano w’ishirahamwe OTAN imbere y’inama yaryo itegekanijwe kubera mu gihugu ca Espanye mu kwezi kwa gatandatu kw’uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG