Uko wahagera

Ubudagi Bwipfuza Guheba Gaz y'Uburusiya Bugakoresha iya Senegali


Chanceliyeri w'Ubudagi kumwe na perezida wa Senegali
Chanceliyeri w'Ubudagi kumwe na perezida wa Senegali

Ubudagi bufise imigambi y'ugukwirikirana imigambi yabwo yerekeye umwuka utanga inguvu witwa gaz mu rurimi rw'igifransa n'igihugu ca Senegali. Chancelier w’Ubudagi, Olaf Scholz, yatanguriye urugendo rwiwe muri Afrika, muri Senegal, igihugu gifise amatungo akomeye cane y’umwuka utanga inguvu musi y’ubutaka bwayo. Ubudagi buriko burondera kugabanya kuzera cane ku mwuka utanga inguvu uturutse mu Burusiya inyuma y’uko ico gihugu giteye Ukraine.

Abategetsi b’Ubudagi baratanguye ibiganiro n’ab’igihugu ca Senegal ku bijanye n’ugucukura umwuka utanga inguvu. Yatangaje ari kumwe na prezida wa Senegal, Macky Sall ko uwo ari umugambi ukwiye gukwirikiranwa bikomeye cane.

Prezida wa Senegal, Macky Sall yatangaje ko igihugu ciwe citeguriye gukora mu ntumbero y’ukugurisha umwuka utanga inguvu ku masoko y’i Bulaya. Akaba yamenyesheje ko biteguriye gukorana n’Ubudagi ku bijanye n’uwo mugambi.

Ubudagi bwaratumiye Senegal, muri iki gihe iyoboye umuryango w’ubumwe bwa Afrika, mu nama y’ibihugu 7 bikomeye kurusha ibindi kw’isi mu vyerekeye ubutunzi izoba mu kwezi kwa gatandatu kwimirije.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG